Nothing Special   »   [go: up one dir, main page]

Burundi Bwacu ni indirimbo ihayagiza igihugu c'Uburundi. Amajambo yayo yateguwe n'umugwi w'abanditsi bari bayobowe na Patiri Yohani Batisita Ntahokaja. Umudiho wayo nawo wateguwe na Mariko Barengayabo. Iyo ndirimbo yatowe ngo ibe icivugo c'Uburundi mu 1962 igihe UBurundi bwikukira.

Coat of unity in Burundi
Burundi flag icon
Burundi Bwâcu, Burundi buhire,
Shinga icúmu mu mashinga,
Gaba intahe y’úbugabo ku bugingo.
Warápfunywe ntíwapfúye,
Waráhabishijwe ntíwahababuka,
Uhagurukana, uhagurukana, uhagurukana, ubugabo urîkukira.
Komerwamashí n’ámakúngu,
Habwa impundu n'âbâwe,
Isamírane mu mashinga, isamírane mu mashinga,
Burundi bwâcu, rági ry’ábasôkúru,
Ramutswa intahe n’íbihúgu,
Ufatanije ishaka n’ubúhizi
Vuza impundu wiganzuye uwakúganza uwakúganza.
Burundi bwâcu, nkóramútima kurí twese,
Tugutuye amabóko, umutima n’úbuzima,
Imâna yakúduhaye ikudútungire.
Horana umwami n’ábagabo n’ítekane.
Sagwa n’úrweze, sagwa n’ámahóro mezá.